Ibanga ridasanzwe abarozi, amajini hamwe n’abapfumu bakoresha ryamenyekanye, soma hano umenye ukuri

0

Amajini n’ibintu vyaremwe n’Imana kandi ntabwo abonwa n’amaso y’abana b’abantu, ni ivyaremwe nk’abamarayika kiretse bo barirukanwe barikumwe na Shetani bakororerwa mwisi nyuma yo kwanka gukora ico Imana yar’ishaka ko bakora mw’ijuru, ubu bo ico barindiriye ni umusi w’urubanza.

Shetani ubwiwe hamwe n’amajini ubwabo barazi ko umuriro uhari kubera bo, ninaco gituma bakora uko bashoboye kugira ngo ntibaze binjire m’umuriro bonyene, Shetani canke Satani ni umubeshi, akoresha abapfumu hamwe n’abarozi kugirango yerekane ko afise ubushobozi bwinshi ariko ico tuzi nuko Imana ifise ubushobozi kumusunvya.

Murino nkuru rero yakorewe ubushakashatsi n’ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera hano muri America ( UBM News ) muraza kumenya vyinshi bijanye n’amajini, ukuntu akora, ubushobozi afise hamwe nubwoko bw’amazina yabo mu ko yitwa hamwe nuko basanzwe bakora ”

1. je amajini barafise ubushobozi bwo kwihindura ?

Ego, amajini ubwo bushobozi barabufise kandi barafise ubushobozi bukomeye cane bwo kwihindura mu bintu bitandukanye, nko kwigira Inzoka, Inka, inyoni canke bakihindura abantu bameze nkaba baba kwisi.

2. Ubushobozi bwabo bungana gute ?

Amajini barafise ubushobozi hamwe ni nguvu nyishi cane zisunvya abana b’abantu, akarorero ni nkaho usanga bafise ubushobozi bwo gushika ahantu hose bipfuza mu mwanya muto.

3. Je amajini yarapfa ?

Ico kirazwi n’abantu benshi kuko no muri ( Bibilia ) canke muri (Qur-an ) birimwo, kuko mu vyanditswe hose havuga ngo : Kira caremwe cose kizohonja urupfu, kiretse Imana yonyene yo gusengwa no kubahwa niyo izokwamaho ibihe vyose, dukwirikije rero ivyanditswe ubwo biratwereka neza ko n’amajini yuko apfa nkuku abana b’abantu bapfa ( Shetani ) we ubwiwe yagize ati ” Mpa umwanya sinze nigere mpfa kugeza umusi hazozurwa (abapfuye ), Imana nayo imwishura iti : Uri mu bantu bahawe umwanya munini wo kubaho ariko umwanya uhawe hamwe nigihe cawe kizogera.

4. Je amajini bazohembwa bivanye n’ibikorwa vyabo bakora ?

Kuvyukuri amajini bazohembwa bivanye n’ibikorwa vyiza canke bibi bakoze : Muri Bibilia haravuga ngo : bose kumusi w’urubanza bazohemberwa ivyo bakoze.

5. Amajini bakunda kuba he ?

Amajini ngo kenshi akunze cane kuba ahantu usanga umwanda, nko mu mawese ( Restroom ) hamwe no mu kaburi ( aho bahamba abapfuye ) ngo ninayo mpanvu nka barya bapfumu usanga bafitaniye ubucuti n’amashetani kenshi bakunda kubwira abateja babo gutwara ibintu vyabo hamwe n’uburozi murivyo bice twavuze amajini akunda kwibera.

6. Niyihe Mpanvu nyamukuru yu rwanko ruri hagati ya Satani hamwe n’abana b’abantu ?

Urwanko hagati ya Satani hamwe n’umwana w’umuntu rwatanguye kera kuva aho Imana yarema ( Adam ) hanyuma igaca ibwira abamarayika bamusenge ” Shetani nawe yakora amasengesho igihe cose arikumwe n’abamarayika, ubwo aho Imana yatanga iryo tegeko ryo gusenga Adam, Shetani nawe yararimwo ariko nyene yazanye ubwibone bwo kwiyunva ko ari mwiza kurusha abandi yanka gukora ivyo Imana yamubwiye ” Shetani yagize ati : Jewe ndimwiza kumurusha, wambumvye ( wandemye ) ukoresheje umuriro ariko Adam nyene wakoresheje ubwondo ( ibivu ).

icotuzi nuko urwanko ruri hagati ya Shetani hamwe n’umwana w’umuntu nuko rutazokwigera ruhera canke ngo ruveho kuko Shetani ubwiwe abona ko impanvu yakuwe mwijuru akakwa ubuntu bw’Imana agakororerwa mwisi arikubera Adam bityo ninaco gituma Bibilia itwigisha ko dukwiye kuba kure hamwe nokwamirira kure ibikorwa Satani akora vyo kudutwara mu vyaha.

Hari ubwobo bwinshi bw’amajini ariko ubu ni bumwe mubwoko UBM News twabatororokanirije !

1) Murafari – iri n’ijini rituma utaronka amahera canke nko kwishure nguronke ubwenge .

2) Latifu – iri jini ryo rituma wama mungorane cane.

3) Hasinani – rino jini niryo gutera urwamo ( gushwana ) , kuborerwa, kunywa itabi hamwe no gukoresha ibiyovyabwenge.

4) Subiani – Rino rituma haba amasanganya ( Accident ), rituma kandi abagore bataja mumisi yabo ( Periods ) abajayo nabo ugasanga bagira ububabare bwinshi bivanye narino jini.

5) Sumil – Iri jini rituma kuza kwonona imbanyi zikiri nto ( ugasanga imbanyi ikorotse yari ifise nkamezi 2 )

6) Waidadat – Rino jini rituma abahungu bambara amahereni kandi bagakunda gusuka imishatsi .

7) Alibadiri – ijini ryo gupfa ( rikwinjiye umwanya n’umwanya ushobora gupfa )

8) Anzura – Ryugara abakobwa hamwe n’abahungu kurongora/ kurongorwa.

9) Maimuna – Rino jini rifata abagabo baba bifitiye abagore babo, kuburyo rimaze kukwinjiramwo atagihe gihera urugo rwawe rudasambutse.

10 ) Makata – Rino rituma m’umuryango wawe abantu baguma bapfa ( akarorero, nkunomusi ukabura mama wawe, haciye indwi zibiri Papa wawe nawe agapfa, haciye ukwezi ukabura nkuwo muvukana )

11 ) Subha – Rino rituma umuntu yibona ( kwishima ) kandi ugasanga aragayana cane.

12 ) Maulan – usanga umuntu burikanya kose aguma anuka ( nubwo yoba agerageza kwigira neza mugabo ugasanga aguma anuka, afise akamoto kabi )

13 ) Al-maul – Rino jini rituma umuntu kwama ari mubukene ( burigihe cose akaguma asegerereza )

14 ) Farkh – ijini barungika gusuzuma umukristo ( kugira barabe ko afise ukwizera ” inkomezi ” )

15 ) Baradi – Rino jini rimaze kukwinjira ” nimba wari wubatse ufise umugore / umugabo ningombwa muratandukana ( amasengesho yonyene niyo yirukana rino jini )

16) Shamsu – rino jini ryiyambika isura y’abantu ( ano majini ubu arahari cane kuko ushobora kubona umuntu wibaza kwari uwo usanzwe umenyereye kumbe ari ijini ryihinduye uwo muntu )

17 ) Abuni – ijini rituma umuntu agira ishavu ryinshi .

18) Kaimu – ijini rimenya ubushobozi bw’umuntu afise .

20) Tajuruni – Ijini rituma uronka ubutunzi bwinshi buvuye kubarozi ( Hano bisabwa utange umwana wawe ukunda, umugore wawe wambere canke ukorane imibonano mpuzabitsina ( sex ) na mama wawe akuvyara )

21) Janatusi – iri rirungikwa kubakristo ( Christian ) kunva itiro ryinshi harya bagomba basenge.

22) Riyaron – iri jini rituma umuntu ashaka gukora ibikorwa vyose wenyene ( tuvuge ntihagire abandi ashaka ko bakorana )

23) Ruyati – iri rituma umuntu arota indoto mbi ziteye ubwoba.

24) Anazihaji – iri niryo jini riza gutora umutima wawe iyo upfiriye mu vyaha .

25 ) Munkara – rino jini urisanga mukaburi niho ryibera ( harya bahamba abapfuye )

26 ) Takadhuru – rino jini rituma uronka ubutunzi ariko ugahabwa amategeko yokugirako akomeye .

27) Balishebe – ijini ryindwara zidakira.

28) Sajiduri – ijini rigufasha kuronka amahera ariko ayo mahera agahera yihuta cane.

29) Rumiran – iri rihagararira ububeshi ( kuburyo uriko urabesha abantu bo baguma bibaza ko uriko uravuga ukuri ) abanyepolitike (Politicians) benshi niryo bakoresha .

30) Lairlihabi – rituma umuntu yama mu m’umutima wiwe hadahagaze neza, mugihe cose akunva atiyizera ( Confident ) ikindi naco akama yihebuye .

31) Rohani – ijini rituma umuntu yama m’umubabaro udahera hamwe no mu ngwano.

32) Tarik – iri jini rikuraho amahoro m’umuryango, kukazi , mu mashengero, ubwo burigihe cose ugasanga atakunvikana kuhari.

33) Malik – ijini rituma ugira ivyashara vyawe ( Business ) rigatuma uguma utera imbere.

34) Khatuh – ijini ryabarozi ryogutwara inzara z’abantu, imishatsi hamwe n’impuzu zo musi

35) Muba – ijini rwo kwandukizwa ingwara

36) Kamariram – rino jini abagizi banabi niryo bakoresha kugirango ntibafatwe canke ngo bagire ico baba mugihe bakoze ikibi

37) Abadi – ijini ryo kwiba, ubusambanyi hamwe n’ubwicanyi

38) Zubiran – iro jini niryo kubesha hamwe no kwifontera ibintu atanahamwe wavyunvise kugira ngo gusa ukuze inkuru y’ububeshi.

39) Usuran – ijini ryo gukena cane

40 ) Tubuyali – iri jini rituma umuntu yiba ibintu vyo munzu abamwo ( ntabwo yiba vyo hanze )

inzira yo kunesha ano majini yose twavuze iroroshe cane, gikuru ni gukizwa hamwe no guhagarara ku majambo y’Imana ( Gusenga burigihe cose kuko satani urazi ko atadukunda nagato , agerageza uko ashoboye kwose kugirango ntaze aje m’umuriro wenyene, amasengesho rero nico kigwanisho caburi wese akwiye gukora kugirango Imana imurinde ayo majini )