UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ino nkuru idasanzwe ishobora guhindura ibintu vyinshi mu buzima bwawe ” yisome hano wunve

UBM News ads

Umuntu mubi iyo amenye ko abantu bamuzi kwakora ibintu bibi, rimwe na rimwe inguvu aba afise zo gukora ibibi zirapunguka bityo nivyiza yuko iyo umenye ko hari umuntu ashaka kugukorera ikibi, uze ubimubwire hakiri kare kugirango amenye ko ivyo ashaka gukora yuko uza warabimenye ariko kubimubwira bisabwa uze ubikorane urukundo.

couples on bed

Akarorero : Iyo umenye ko umubanyi wawe ari mumipango yo kukuroga ugapfa ukava kwisi, ica mbere mukunde, icakabiri muhamagare umubwire kuno ” Mubanyi wanje, ndagukunda cane kandi ndipfuza ko wokwama hamande yanje ukanfansha mubingora vyose, ariko ikintangaza sinzi impanvu wewe utankunda ! ariko uziyunva gute ninapfa canke nkaba ahantu utazokongera kumbona ? heza hanyuma uce winumira.

Ndakubwiza ukuri niwamubwira ayo majambo, ako kanya nyene azoca amenya ko wagunduye imipango yiwe yose, ikindi naco nuko uzoba wamuvuruze mu mutwe kuko igihe cose azoba ashaka gukora ikibi iwawe, inguvu zizomuherana kandi azobikora afise ubwoba bwinshi bivanye nay’amajambo wamubwira.

Icishe abantu bubu nuko batazi kwaka inkomezi abansi babo mukubabwiza ukuri kuko bo babivugana ishavu hamwe nibitutsi, akarorero : ubu niho ngiye nemera ko uri umusazi atabwenge ufise kweli , ivyiza vyose nagukoreye ntavyubona kugeza naho ushaka kundoga ? , nyica rero ndabe ariko ndazi nawe kuzopfa wakivagunduwe uzopfuko. ” uvuze nkuko ndanka kukubesha uba umwongeje inkomezi zo kugukorera ikibi icarico cose.

Iyo rero m’ubuzima bwawe umenye ko hariho umwansi wawe ashaka kugukorera ikibi, ntumwanke nkuko akwanka canke ngo umutuke ahubwo mukunde umwikundirizeko, kugirango bimutere isoni nanyene ubwiwe ryo kugukorera ikibi ” uwo wibaza ko ari umwansi wawe, guhera uno musi nawe nyene numukunde, ntumwanke kuko urukundo arirwo rwonyene rugarukana amahoro mubuzima bwamisi yose tubayemwo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments