Uno ni umuririnvyi w’umurundi aba muri South Africa, izina ryiwe akaba ari Papy Daniel ariko abenshi cane bakaba bamuzi kw’izina rya PDK, album yiwe yambere yayisohoye mu mwaka wi 2004 kandi ngo ntanyungu nini cane yayikuyemwo kuko ngw’ico gihe ubushobozi yarafise bwari buke, ariko uno muririnvyi nubwo haciye igihe kirekire adasohora indirimbo, ubu muruno mwaka turimwo 2014 akaba ariho agomba asohore iyindi Album yiwe yakabiri, ubwiwe ngo kuba agarutse mu muziki ngo nuko abona yuko hari icahindutse kandi akaba asaba abarundi bose ko bomufata mu mugongo bakamushigikira mu bikorwa vyose akora.
Unviriza ino ndirimbo yiwe nshasha hano ( Uba kolo by PDK ), Izindi ndirimbo ziwe tuzozibagezaho hano ku kinyamakuru ca mbere hano muri America gikundwa n’abantu benshi (UBM News )
Recent Comments