UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Inkuru zigezweho zaba Star ‘ Big Fizzo akunda mama wiwe cane ariko igitangaje nuko ……

UBM News ads

Umuririmvyi Big Fizzo ategekanya guhimbariza imisi mikuru isozera umwaka kumwe n’abakunzi biwe mu Burundi. Kandi na cane cane kumwe n’umuvyeyi wewe akunda cane, nyina yamwibarutse. Kuko Fizzo avugako arivyo bintu bimuhimbara kandi bikamunezara cane, uguhimbariza mu Burundi impande y’uwo muvyeyi.

Mugani Désiré, umuririmvyi azwi kw’izina ry’ubuhizi rya Big Fizzo, muri kino gihe ari mu gihugu c’Urwanda aho amaze imisi indwi. Yiteguriye kuririmba mu giteramo “Burundi Night” ziba ku mugoroba w’uyu wa mbere Munyonyo i Kigali. Aho ari rero akaba amenyeshako ategekanya guhimbariza imisi mikuru isozera umwaka kumwe n’abakunzi biwe mu Burundi. akavugako ka none anagomba kuyihimbariza impande y’umuvyeyi wiwe amuvyara, nyina yamwibarutse. Umuvyeyi akunda cane « Mama Mugani Désiré » nkuko yagize mu ndirimbo imwe yiwe ikiri mu zitarasaza.

Fizzo agira ati : « Ndakunda Uburundi igihugu canje ariko na none nkarushirizaho gukunda mama wanje yanyibarutse. Iyo nsangiye nabo imisi mikuru biranezereza cane ». Fizzo akaba aha ubutumwa abakunzi biwe bo mu Burundi ko azoba arikumwe nabo mu biteramo bizoba mu misi mikuru izozera umwaka.

Twobibutsako Big Fizzo asanzwe aba mu gihugu c’Ubufaransa, aho afise umugore n’umwana. No muri iki gihe ari mu Rwanda, yaje ava mu Bufaransa. Yiteze kuva mu gihugu mu Rwanda aja mu Burundi. Ariko hagati yaho akaba yakoranye indirimbo n’umuririmvyikazi w’umurundi Alida Baranyizigiye, asanzwe aba mu gihugu c’Urwanda muri kino gihe. Sources ” IGIHE BURUNDI

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments