Inkuru yihuta idasanzwe : Nguku muko vyifashe kano kanya kuri Radio hamwe na Televiziyo nkuru vy’igihugu (RTNB )

0

Amakuru yaciye kuri radio y’igihugu mu kanya yavuga ko ata mishamirano ihari hagati y’abasirikare bari hanze n’abari indani ya RTNB, ariko abumvirije ayo makuru yaragizwe n’ingingo nka 3 gusa, ijambo ry’umukuru w’igihugu, ijambo ry’umurongo wa RTNB Hamwe n’inama y’umuteno .

dt

Kugeza ubu abenshi bagize amakenga menshi kuko uwariko arashikiriza ayo makuru ukuntu yayahejeje vyateye amakenga kuko yayahejeje nkaho umengo hari uwaramubwiye ngo narangize.

Inyuma yaho gatoya Amakuru yaciye atangura kuboneka atangwa n’abasanzwe baba ngaho hampande ya RTNB ko hari rwaserera ruriko rubera kuri ico kibuga.

rtn
Kano kanya kuri Radio Nkuru y’igihugu hari abasirikare benshi nkuko mubibona.

None ikiyago coba canse hoba hagira hakoreshwe inguvu canke? Niyombare yoba agira afate I radio? Amakuru yandi yadushikiriye avuga ko hoba hariyo abana muri RTNB vyoba biri no mu vyatumye hadaterwa.