UBM News ads
Sunday, December 10, 2023
No menu items!
UBM News ads

Uno mugabo yishe umugore wiwe abishaka yongera amuzibagura ivyuma munda.

Inkuru ibabaje kandi iriko iravugwa cane hano mubinyamakuru vyo muri America niyumugabo yitwa Derek Medina w’imyaka 31 aho ejo kumugoroba yica umugore wiwe.

image

Ikintu kibabaje cane nuko uwo mugabo ehejeje kwiyicira umugore wiwe yahise ashira amafoto y’umuvyimba kumurongo wa Facebook abwira abagenzi biwe ko aza yahejeje kwiyicira umugore.

Nkuko ikinyamakuru CBS NEWS gikomeje gutanga ino nkuru, bo bavuga ko uno mugabo arangije kwiyicira umugore ko yahise yishikana kuba Police kandi ubwiwe akaba avuga ko yiteguye kuja mugasho agafungwa ubuzima bwiwe bwose ndetse ngo nubwo yohabwa igihano co kwicwa ngo ntaco bimubwiye.

Mumajambo Derek Medina yiyandikiye nyene ubwiwe kuri facebook, yagize ati, “Ngiye mu gasho canke mpabwe igihano co kwicwa kubera yuko nishe umugore wanje !”

Uwo mugabo amaze kwishikiriza igi Polisi co muri Miami yahise abwira se wiwe umuvyara ko yishe umugore wiwe kubera amakosa bari bafitaniye kandi kuyihanganira ko vyamunaniye bityo ngo niyo mpanvu yahisemwo kwica umugore wiwe.

Ikindi kintu cababaje abantu benshi nic’umwana wumukobwa bari basanzwe bafitaniye wimyaka 10 aho aba Polisi basanze uwo mukobwa iruhande yumuvyimba wa nyina wiwe mu gikoni aho uwamwishe yamurashe yongera amuzibagura ivyuma vyinshi munda.


Isi yaheze kweli, abantu basigaye bica abagore babo kugirango bamenyekane baje muri News ” Imana imubabarire. Written by Eric Nyandwi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments