Inkoni y’ubutware yavuye kwa Museveni yahawe umushikiranganji w’Ubugande w’Ukwivuna abansi

0

Umushikiranganji w’ukwivuna wo kwivuna abansi w’ubugande Crispus Kiyonga niwe yasize ahawe ubutware bw’ugukoresha ibiganiro bihuza Leta abatavuga rumwe n’Ubutegetsi bwa Bujumbura hamwe n;abadaharanira inyungu za Politique.

7995593-12441434

Mwokwibuka ko umuhuza mushasha mu bibazo vy’Uburundi yari yagenwe n’Inama y’abakuru b’ibihugu yar iyitabwe n’abakuru b’ibihugu bibiri muri 5 bategerezwa kwitaba abo nabo ni Museveni na Kikwete wa Tanzanie. Bakaba baciye bashinga Museveni ngo abe ariwe aba umuhuza mushasha.

Mu gihe vyari vyitezwe ko avuga icavuye mu vyayazwe n’izo mpande zose, imbere yuko afata indege ngw’asubire mu bugande yasigiye inkoni y’Ubutware umushikiranganji wiwe w’ukwivuna abansi  yongera amenyesha ko impande zose ziyemeje kuganira kigira zitorere umuti ibibazo bihari.