Inkoho zivuga mu gisagara ca Bujumbura zavuye hehe? soma ngaha wumve

0

Ibirwanisho ngo vyabaye vyinshi mu gisagara ca Bujumbura  nkuko umuyobozi w’ikinyamakuru Renaissance abimenyesha, ngo ivyo birwanisho nkuko yabivugiye mu kiganiro Innocent Muhozi yatanze ku nsamirizi y’abafaransa RFI vyoba bihari kubera agashavu kabariko bariyamamaza ariko batemerewe kubandanya iyo myiyamamazo ariko ubutegetsi bugahitamwo kubasukamwo ivyotsi vyokera hamwe n’amasasu.

fb3d0a0758abc05a672f7ec1b2439bc91acbad56_1

Muri ico kiganiro cari catumiwemwo n’umuhanuzi mu bijanye n’ugutumatumanako amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe, yamenyesheje ko abarasa mu gisagara ca Bujumbura atari abandi ngo n’abari mu myiyerekano batashimye kuja mu matora.

Nayo Yohani Minani asanzwe ari umwe mu barongoye Inama nshingamateka y’Uburundi akaba kandi n’uwashatse kwitoza ku kibanza c’Umukuru w’igihugu mu Burundi yamenyesheje ko ivy’uko abariko bararasa ari abari mu myiyamamazo ari inyendamuvano kugira bafunge abatavuga rumwe n’ubutegetsi, akavunira akagohe abo bategetsi ngo bamenye ko ataco bizobungura.

Ico kiganiro kikaba cari catumiwemwo abari muri leta n’abo batavuga rumwe hamwe n’abaserukiye amaradio kugira bavuge ibijanye n’uko amatora y’umukuru w’igihugu yagenze.