Inkoho zicishwa abari mu myiyerekano zamenyekanye

0

kuva igenekerezo rya 27 ndamukiza aburundi batari bake barihaye amabarabara biyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abatari bake barishwe abandi barakomeretswa n’amasasu araswa n’abari bajejwe gukingira abanyagihugu aribo ba police.

Biraboneka ko abajejwe umutekano bakoresha inguvu zirengeje mu kubuza ko iyo myiyamamazo iba, aho amakungu akaba atera ivyatsi iyo myifato mbi imaze igihe iboneka.

Amasanamu atari make yarabonetse y’abajejwe umutekano aho aboneka bakora ivyo bikorwa vy’ugutera amabuye, ukurasa abanyagihugu mbere bamwe bamwe bakaba baramaze kumenyekana, aho twovuga nka commandant wa PSR.

snipers-pnb

Ikinyamakuru Bujumbura News giheruka gushira ahabona ishusho yerekana aba Police bariko bararasa nkaho umengo bari mu ngwano, umwe muribo akaba yarafise inkoho ikoresha mu kwurasa umuntu umwe umwe mu kirwi c’abantu benshi.

Mwomenya ko abanyagihugu n’abasirikare batandukanye bamaze kuraswa ariko ntihamenyekanye neza iyo ababarasa baba bari, aho twovuga nk’umusirikare yarasiwe kw’ibarabara ry’icenda mu nyakabiga aho yakuwe mu banyagihugu bari bahagararanye. Ese Mbega zoba arizo nkoho zibica?