Inkoho zatowe mu murima w’imyumbati mu buraruko bw’Uburundi

0

Mw’ijoro ryakeye hatowe mu ntara ya Kirundo neza neza ku musozi wa munazi inkoho zishika kuri 30,ziri mu bwoko bwa karashinicov.

Inkoho zishika kuri mirongo itatu nizo zatowe mu murimo w’imyumbati mu ntara ya Kirundi nkuko abatwara iyo ntara babishikirije SOS MEDIA Burundi. Izo nkoho bakamenye ko zari zibitswe musi y’amababi y’iyo myumbati iri ahategeranye n’imihana.

1199

Icokorwa kikaba cakozwe mw’ijoro ryakeye nkuko umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Kirundo Gerard Ngabonziza n’abanyagihugu yabimenyesheje kandi ngo abanyagihugu bo nyene nibo baje kwitabariza abajejwe umutekano.