Inkoho n’ama Grenade i Bujumbura ngo bitangwa n’abasoda n’aba Polisi bashaka ihinduka

0

Abasoda n’abapolisi ngo bashaka ihinduka mu bijanye n’ubuzima bw’igihugu ngo bari mu batanga inkoho ku buntu ku banyagihugu birarira, hampande y’inkoho ngo n’ama grenade nayo nyene aratangwa. Ivyo vyashikirijwe n’umwe mu banyagihugu bafise ico kirwanisho aho yayaga n’ikinyamakuru c’abongereza.

burundi-nyakabiga-arms

Uwo munyagihugu batashimye kuvuga izina, yamenyesheje ko haraho bagura izo nkoho canke amagrenade, grenade ikagurwa amafaranga nk’10 000 vy’amarundi mu gihe inkoho nka Kalashinikov zigurwa hagati y’100 000 n’150 000.

Impamvu bagura izo nkoho ngo n’ukugira birarire ntihagire ababinjira yaba abapolisi imbonerakure canke izindi nkozi z’ikibi. Uwo musore yiswe X yabandanije amenyesha ko intambara ishobora kwaduka mu Burundi inyuma y’igenekerezo rya 26/8 umukuru w’igihugu arangije ikiringo ciwe ca kabiri.