Hafi ku mabarabara yose mu ma quartiers y’igisagara ca Bujumbura, inkingi z’ z’icibutso zihayagiza Umugambwe CNDD-FDD ziriko zubakwa mu Gisagara ca Bujumbura. Henshi ku mabarabara mu gisagara ca Bujumbura usanga hari inkingi imwe y’icibutso.
Abanyagihugu baba mu Gisagara ca Bujumbura baridoga bavuga ko izo nkingi z’icibitso zubakwa mu ma parcelles yabo batarinze kugishwa inama.
Henshi kuri izo nkingi usanga handitseko gutya: « Caratuvunye, Ntituzokirekura », bisigura ko igihugu c’Uburundi Umuganbwqe CNDD-FDD wagishikitseko bigoranye ko batazopfa baretse ko hari abandi bagitwara.

Umugambwe CNDD-FDD watangaje ko intumbero yo kwubakoa izo nkingi ari kugira ngo abanywanyi buwo mugambwe baze bararonka aho bahurira kuri buri barabara.
Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu bwamenyesheje ko ari ibisanzwe kubona izo nkingi z’icibutso ari ibisanzwe,kandi ko umugambwe uwo ariwo wose ufise uburenganzira bwo kurondera ikibanza hama ugashiramwo inkingi z’icibutso zawo.
Ariko rero ku musi wa Mbere itariki 15 Rusama 2017, umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD Evariste NDAYISHIMIYE yamenyesheje ko intumbero yo gushinga izo nkingi z’icibitso ari ukugira Umugambwe CNDD-FDD wibuke ingene habaye igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi muri Rusama 2015.
Ku bwa Agathon Rwasa, wewe amenyesha ko kubona Umugambwe CNDD-FDD ukwiragiza inkingi mu gisagara cose ca Bujumbura ari ukwererkana ko “badashaka kuva ku butegetsi, ko aruko vyerekana ko Demokrasi mu Burundi atayikihari” .
Agathon rwasa abandanya amenyesha ko ivyo bikorwa mu buryo bwo gutera ubwoba abanyagihugu ko ata wundi mugambwe abanyagihugu bemerewe kujamwo, ariko ko mu gihugu kirangwa na Demokrasi ko abanyagihugu bafise uburenganzira bwo kuja mu kugambwe bashatse.