Ingwano i Burundi yoba igira isutame kuko ikiroberi camaze gutangura kurwana

0

Abantu bitwaje ibirwanisho bashika 12 barishwe abandi nabo barafatwa nkuko buramatari w’intara ya Kayanza abishikiriza, kandi bikemezwa n’abanyagihugu muri komine ya Rugazi ahabereye ingwano hagati y’abasirikare b’igihugu hamwe n’abantu baje bitwaje ibirwanisho bivurwa ko boba bari baje bava mu rwanda.

2015-05-14T141118Z_528055640_GF10000094614_RTRMADP_3_BURUNDI-POLITICS_0

Iyo mirwano yahitanye abo bantu yabaye Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 10 mukakaro, abanyagihugu batabaje abajejwe umutekano mu nyuma yaho babonye umurwi utari muto w’abantu bitwaje ibirwanisho kandi bambaye impuzu za gisirikare baje bava mu Rwanda.

Nkuko ikinyamakuru RFI kibivuga umwe mu bavugizi ba General Godefroid Niyombare yaramaze kwemanga ko iyo mirwano yabahuza n’abasirikare b’igihugu. Akaba kandi yanamenyesheje ko bivunye kubera aribo basotowe. Ariko bakabeshuza ko bataje bava mu Rwanda ahubwo ko bari basanzwe bari ngaho mu gihugu kandi ko n’iyindi mice nayo nyene bamaze kuyikwira.

Mwomenya ko imirwano nkiyo iriko iravurwa hirya no hino mu Burundi aho havurwa n’iyindi mirwano nkiyo mu bice vya cibitoke  kuko hari umurwi ushaka kuva muri Congo winjira i Burundi.