Indirimbo nyarwanda ngo ntizizosubira kuvuzwa kw’ Iradiyo nkuru y’ Igihugu (RTNB)

0

Amwe mu makuru amaze gushikira ikinyamakuru UBM News nuko indirimbo nyarwanda zoba zitakigiye kuvuzwa canke kurengana kuma Radio hamwe n’ imboneshakure z’ igihugu(RTNB)

arton14278

Nkuko vyaje kushirwa ahabona n’ inzego za RTNB yuko kizira yuko indirimbo z’ abaririmvyi b’ abanyarwanda zizosubira kandi kurenga kw’ Iradiyo canke imbonesha kure y’ igihugu kumvo batashimye gushira ahabona, bitumye abakunzi b’ umuziki w’ Uburundi biyumvira y’ uko vyoba bifitaniye isano n’ icuka kibi muri Politike kimaze imisi kiri mu gihugu c’ Uburundi.

 

Ariko inzego za RTNB zikaba zibihakana kumbere bakanamenyesha yuko ivyo bizoba ari bimwe mu bintu bigiye guteza imbere umuziki w’ uburundi nkuko abaririmvyi n’ abakunzi b’ umuziki ndundi babinyotewe. hqdefault