Indongozi yo ku Muyira yaguye mw’isanganya

0

Imodoka yo mu bwoko bwa Hiace yari yunguruje abantu kuri uwu wa kane yagize isanganya mu gatondo ko kuri uwu wa kane, igeze kw’ibarabara ryitiriwe Petero NGENDANDUMWE, hafi y’ubunywero bita “Le Triangle” hamwe n’ishure “Arc en Ciel”. Abantu batatu barimwo n’umukuru wa segiteri Muyira nibo bapfuye, abandi bagera kuri 15 barakomereka.

Abitavye Imana bajanwe mu buruhukiro, nayo abakomeretse bajanwa kuvurizwa mu bitaro bitandukanye.

Nk’uko mu giporisi c’Uburundi babimenyesha, iyo modoka yagize isanganya yari ije iva i Kiriri, ikaba yacitse amafire kandi yariko yiruka cane kuko iryo barabara yagiriyemwo isanganya rimanuka.