Incamake Y’Ivyavuzwe Ku Burundi Mu Nama Y’Umurwi Wa ONU Ujejwe Agateka ka Zina Muntu.

0

Umugwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu kw’isi UN Human Rights Council ejo ku musi wa kane 22 Ntwarante 2018 niho warangiza inama idasanzwe aho hariko haraganirwa ukuntu ibijanye n’agateka ka zina muntu kifashe mu bihugu vy’Uburundi,Sri Lanka, Guatemala, Honduras, Colombia, Cyprus na Iran.

Muri rusangi, bahawe ijambo bose baravuze ko hari ibiriko biraryohorwa muri ivyo bihugu, ariko ko hakiriho vyinshi vyo gukora. Mu bihugu vyahawe ijambo vyavuze ibitandukanye ku Burundi: Leta Zunze Ubumwe Za Amerika zarerekanye amakenga yabo ku kuntu agateka ka zina muntu kabandanya gatituka. Georgia naco nyene kibona ko mu Burundi atari sawa ku bijanye n’agateka ka zina muntu, Leta y’Uburundi ikaba ihamagarirwa gukorana vya hafi n’ibiro vya ONU.

Igihugu ca Canada naco ntigishimishwa n’uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi. Canada ikaba yasavye ko abadaharanira ivyicaro vya politike bakwiye guhabwa ijambo ata bwoba bwo gukurikiranwa. igihugu ca Maroc coco kigaragaza akababaro ko hatabaye uwumvikano muri ONU ku kibazo c’Uburundi, kandi ko ibiganiro bihurikiyemwo bose kandi bigira ico bivuyemwo ariwo woba muti kukibazo c’Uburundi.

Igihugu ca Algeria casavye Uburundi kwongereza inguvu mu guhagararira agateka ka zina muntu kandi ko hokorwa ibishoboka vyose hakarwanywa ubukene mu burere butari ubwo mu bisagara hamwe no kurwanya ukudahana inkozi z’ikibi.

Ishirahamwre Rencontre Africaine pour la defense des droits de l’homme ryoryo ryagize riti: ” Kuva mu mwaka wa 2015,politike y’Uburundi yaciye iba iyo gukumirana. Agahahazo karakoreshejewe bwa gikoresho ca politike, hakoreshejwe akagwi k’inkorabara(milice) gashigikiwe n’Ubutegetsi. Abantu bo mu Burundi barafungwa na Leta. Ku bijanye n’amatora y’ibwirizwa shingiro, biragaragara ko imigumuko ishobora kwiyongera”.