Inama y’umutekano ya ONU yasavye amatohoza ku bwicanyi bubera mu Burundi

0

Inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU imenyesha ko ishigikiye ingingo y’inama y’umutekano n’amahoro mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yo gutanguza amatohoza ku bikorwa vy’ihohoterwa rya kiremwa muntu bibera mu Burundi.

Kuva umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA atorewe gusubira kuyobora Uburundi mu kindi kiringo ciyamirijwe n’abatavuga rumwe n’umugambwe wiwe, umutekano warahungabanye bimwe bikomeye, ubwicanyi buriyongera. Inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iriyamiriza ubwicanyi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu bikorwa mu Burundi.
Mw’itangazo iyo nama y’umutekano yasohoye, bamenyesheje ko bazokora ibishoboka vyose kugira abariko barakora ubwo bwicanyi bazobibazwe.

poli

Tubibutse ko inyuma y’inama ku Burundi yagizwe n’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, icegeranyo casohotse kimenyesha ko ibihugu bigize uwo muryango vyumvikanye ko hagiye gukorwa amatohoza akomeye kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu hamwe n’ubwicanyi bibandanya gukorerwa abanyagihugu b’abarundi kuva imbere n’inyuma y’amatora yo mu 2015.
Kuva kw’igenekerezo rya 17 Gitugutu 2015, iminsi 45 akaba ariyo yatanzwe kugira icegeranyo c’ayo matohoza kizobe casohotse.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ibihano bizofatiwa abazokwagirwa n’ivyo vyaha, ivyo navyo akaba ari kubabuza ingendo (interdictions de voyage), gufata ubutunzi bwabo (Gel d’avoirs). Mu bazofatirwa ibihano kandi hakaba harimwo n’abazoba bakoresheje imvugo zikwegera abantu mu bugizi bwa nabi.

Iryo tangazo ry’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko ubwicanyi mu Burundi bwiyongereye cane, kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane 2015, kuva igihe Petero NKURUNZIZA ashizwe imbere mu kirongo ca gatatu, mu kibanza c’uguserukira umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu, ivyiyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bamenyessheje ko ahonyanze amasezerano y’i Arusha.