Inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya isaba amatohoza ku gateka ka zina muntu mu Burundi

0

Inama nshingamateka y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya isaba Reta y’Uburundi gusubira gukorana n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu.

Inama nshingamateka y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya isaba kandi Reta y’uburundi kurekurira abakozi b’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bijejwe agateka ka zina muntu gushika mu bibanza abantu bapfungiwemwo.

Inama nshingamateka y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya isaba inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi hamwe na sentare mpuzamakungu gutanguza amatohoza kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Iyo nama nshingamateka y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha kandi ko rifise impungenge ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ashobora gusubira kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu mwaka wa 2020.