UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Inama nshingamateka yasabwa gutumako Umushikiranganji w’abakozi n’akazi-Jean Nduwimana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi wa Olucom Jean Nduwimana asaba inama nshingamateka gutumako umushikiranganji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga kugira abasigurire uko amafranga angana imiriyaridi 3 zibwe nuko abazivye bagiye gufatwa. kubwa Jean Nduwimana avuga ko umusuma atakindi abereye atari gushirwako amapingu akajanwa mu butungane kwishura ivyo yivye. Ibi abishikirije inyuma yaho umushikiranganji w’abakozi n’akazi atereye akamo abakozi bose bahembwe amafranga na Leta kandi batari kumirimo kuzana kwishikana mu kiringo kitarenze ukwezi.

Jean Nduwimana avugira ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire no gusesagura amatungo ya Leta Olucom aranegura inyifato y’umushikiranganji w’abakozi n’akazi Venuste Muyabaga aho aherutse gushikiriza mu nama yakoresheje n’abo mu bushikiranganji butandukanye kwigenekerezo rya 29 rusama 2024 ko imiriyaridi 3 zibwe mu guhemba abakozi batari kukazi ariko ko hamaze kugarukwana imiriyoni 52 zazanywe n’abantu kuneza yabo.muri iyo nama umushikiranganji Venuste Muyaba yaciye atanga ikiringo kitarenze ukwezi kugira abo bose bahembwe badakora babe bishikanye.

Muri Olucom babona ko bitumvikana igituma wosaba umusuma kuneza umwinginga ngo agarukane ivyo yive Leta.Jean Nahimana agira ati:«Ni gute woguma winginga abasuma ngo bagarukane ivyo bivye?umusuma abereye gushirwako amapingu akajanwa mu butungane kwishura ivyo yasahuye.Bari bakwiye gukwirikirana abo basuma iyo bari hose bagahanwa vy’akarorero niho bazoba batanze akarorero.urashobora kwinginga umusuma ngo agarukane ivyo yivye?Itegeko rijejjwe guhana abo bakaboko ririho ni bahanwe.»

Jean Nduwimana asaba inama nshingamateka gutumako umushikiranganji w’abakozi n’akazi kugira abasigurire uko ayo mafranga ya Leta yasahuwe hama abasigurire uko mu misi mike abo bantu bagiye gukwirikirana bakagarukana ivyo bivye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments