Inama nshingamateka nshasha yahamagawe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu

0

imisi indwi gusa ngo ukwezi guhere hatowe inama nshingamateka nshasha mu Burundi, umukuru w’igihugu c’Uburundi yayitumyeko ngo itangure gukorana guhera ku musi wa mbere igenekerezo rya 27 mukakaro gushika 31 mukakaro mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe. Ivyo bikorwa bikazohora bitangura igihe c’isaha z’ibiri z’igitondo.

2-80-0cdbb

Iyo nama ya mbere y’inama nshingamateka izoba ifise igikorwa co gushinga amategeko agenga inama nshingamateka,hamwe no gushiraho ibiro bishasha vy’inama nshingamateka,ni ukuvuga umukuru wayo,icegera ciwe ca mbere n’ica kabiri.

Mwokwibuka ko uwahoze atwara iyo nama nshingamateka ubu muri kino gihe atakiri i Burundi, ubu akaba ari mu bubirigi aho amenyesha ko yahunze kumvo z’Umutekano wiwe.