Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka bariko bariga ikibazo c’amafaranga Reta izokoresha mu 2016.

0

Inama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi vyatanguye kuva kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 5 Gitugutu 2015 ibikorwa vy’ukwezi kwa Gitugutu. Mu nteguro z’amategeko azokwiga harimwo iy’amafaranga azokoreshwa na Reta mu mwaka w’2016.

nsh

Nk’uko vyashikirijwe na Pascal NYABENDA Umukuru w’inama nshingamateka, ibikorwa vy’inama nshingamateka vy’ukwezi kwa Gitugutu 2015 vyoba akanya ko kurangura imigambi ya Reta, akaba yanagarutse ku biganiro bigiye gutangura mu Burundi, umushingamateka Pascal NYABENDA akavuga ko ari ivy’abarundi, kuko ingorane z’igihugu c’Uburundi zitegerezwa gutorerwa inyishu mu biganiro bihuza abarundi bo bonyine hagati yabo. Akaba yasavye ko ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro vyotangura vuba.

N’umukuru w’inama nkenguzamateka, Reveriyano NDIKURIYO, mu bikorwa vy’ugutanguza ibikorwa bigira gatatu vy’umwaka w’2015, akaba yagarutse kuri ivyo biganiro vyohuza abarundi ku bibazo bihanze igihugu c’Uburundi, agasaba abagize umurwi w’igihugu ujejwe gutegura ivyo biganiro ko bokora bisunze akarangamutima k’intwaro rusangi.

b

Mu nteguro z’amategeko 21 agiye kwigwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka, hakaba harimwo iry’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2016, ariko aho mukamenya ko iryo tegeko ry’amafaranga Reta izokoreshwa ritarashikirizwa abashingamateka.

Muri ukwo gutanguza ibikorwa vy’inama shingamateka vy’ukwezi kwa Gitugutu umwaka w’2015, habonetse umushingamateka wo mu runani rw’Abigenga Mizero y’Abarundi, yitavye ubwa mbere ibikorwa vy’inama nshingamateka. Hillarie Nshamaje yatowe mu ntara ya Bubanza yahambije abandi babiri nabo nyene bo mu UPRONA ya Karori NDITIJE yegukira urunani rw’Abigenga Mizero y’Abarundi, aribo Julienne Nahintije yatowe mu Kayanza, hamwe na Angèle Ciza yatoze mu Kirundo. Bose basigura ko bashatse kwubahiriza abanyagihugu babizeye bakabaha amajwi.