Inama nkenguzamateka ngo igiye gutwarwa n’uwipfuriza abanyagihugu kwinyonga

0

Itorwa rya Reverien Ndikuriyo ngo arongore Inama Nkenguzamateka ngo vyerekana ico iyo nama nkenguzamateka izomarira abanyagihugu.
1439621203409

Pacifique Nininahazwe ntarya umunwa mu kwerekekana ko uwipfuriza inabi umunyagihugu adashobora kumurongora, aho yatanze akarorero kuri Reverien Ndikuriyo yaraye atowe ngo arongore Inama nkenguzamateka.

Ivyo akaba yabishikirije ngo yisunze ko Reverien yifatiye mu gahanga Abanyagihugu imisi ibiri imbere yuko umugambwe CNDD FDD utanga uwuzowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu. Akaba yabamenyesheje ko abasavye ko PR. Petero Nkurunziza atokwitoza boba bararondera imigozi miremire kandi ikomeye bakinyonga.
11885096_838628369548143_6273519083953828927_nb

Kubwa Pacifique Nininahazwe ngo itorwa rya Reverien Ndikuriyo rirafise ico ryerekana mu ntumbero y’Ibikorwa vya Leta ya Nkurunziza.