Imyiyerekano Yo Kwanka Ikigongwe Casabiwe Abashatse Gutembagaza Ubutegetsi

0

Ejo hahise ku musi wa gatandatu,22/04/2017, abari muri amwe mashirahamwe avuga ko adaharanira ivyicaro vya poritike batunganije imyiyerekano y’ukwiyamiriza ivyasabwe n’umuhuza Benjamin William MKAPA, yasavye ko abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA bohabwa ikigongwe c’agateganyo.

Reta y’Uburundi iremeza ko yaronse urwandiko rw’umuhuza Benjamin William MKAPA, urwandiko rusaba umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ko yogirira ikigongwe (Immunité) abantu bagirizwa ko bagerageje gutembagaza ubutegetsi bwiwe kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Uburundi busaba ahubwo ko ibihugu vyabahaye ubuhungiro vyobashikiriza ubutungane bw’Uburundi, kugira imanza zabo zitangure kuburanishwa.

Reta y’Uburundi ivuga ko itazokwigera itanga ikigongwe kuri abo bantu bakurikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi.

Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza akaba yishuye Umuhuza Mkapa ko ‘ata burenganzira afise bwo gutanga ikigongwe’ ku bashatse gutembagaza ubutegetsi kiretse ubutungane bw’uburundi.

Umukuru w’inama Nshingamateka nawe, Pascal nyabenda akamenyesha ko ‘Uburundi butazotwarwa n’akosho kabashaka ko abashatse gutemebagza bahabwa ikigongwe’.

Ubu benshi bari muri abo bagirizwa kuba barashatse gutembagaza ubutegetsi bakaba bari mu buhungiro mu mahanga kandi bakaba ata n’icizigiro bafise co gutahuka mugihugu c’amavukiro.