Imyiyerekano | Ivyari vyitezwe muri CNDD FDD nivyo vyashikiye Bujumbura?

0

Abantu barenga 50 000 nibo bitabiriye imyiyerekano yateguwe n’umugambwe CNDD FDD mu gihe hari hitezwe 30 000 nkuko vyamenyeshejwe ku Mbuga z’ingurukana bumenyi uwo mugambwe usanzwe ukoresha. Nayo abanyabujumbura bakaba bagumye berekana aho bahagaze ko ata bwoba baterwa n’ivy’uwo mugambwe uriko werekanira mu gisagara cabo, aho hari uno musi wa gatandatu mu gisagara ca Bujumbura aharangwa impuzu z’umugambwe CNDD FDD gusa.

11096404_1619948001554816_1306243173126576489_n

Ibihuha vyaraye i Bujumbura ku musi wa gatanu ko abantu batari bake bakuwe mu gihugu hagati bazoshika aha i Bujumbura kugira berekane inkomeza za CNDD -FDD kandi bemeze abanyabujumbura ko bategerezwa gutora umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ku ncuro ya Gatatu vyahavuye biba ivy’ukuri.

Mu gihe abo bantu bambaye imipira y’umugambwe CND FDD bariko bamanuka baja ku kibuga ca Tempete ahabereye ibirori nyezina vy’uwo musi, bamanukanye ibarabara rica hampande yayahoze isoko nkuru ya Bujumbura, aho bamanuka abantu baguma baraba ibiriko biraba, babana abagabo abagore abana, abapolice, imiduga myiza iyunguruza ibintu yahavuye yunguruza abantu bamanuka basa n’abadahera.

Muri abo bari muri iyo miduga haguma havurwa amajambo atandukanye yo kubwira abanyabujumbura ko  bategerezwa gutora umukuru w’igihugu c’Uburundi ubugira gatatu, bakaguma bavuga babwira abari ku nkengera z’ibarabara ngo bahunde amajwi umugambwe CNDD FDD. Abari aho bita kuri Kiosk Brarudi  bakaba bagumye bereka abari muri iyo miduga ico bo bise ikiziga c’isoko ya Bujumbura, banababwira ngo bosezere kuko ari irya nyuma.

Ku rubuga rwa Twitter rw’umugambwe CNDD-FDD hakaba hagumye amajambo atandukanye, nkuko tubikura kuri urwo rubuga ngo abari butezwe n’umugambwe CNDD FDD bari abashika ku 30 000 vy’abarundi ariko kubera ababaserukira ku mitumba bahimirije bikwiye bahavuye baronka barenga 50 000. Bakaba banabandanije bamenyesha ko impamvu bari batumyeko abayoboke babo atari ukugira berekane ubukomezi bwabo ahubwo ngo bwaru ubutumwa bw’ihumure bagira batange. Bakaba bahavuye bamenyesha ko bashimira Igisagara ca Bujumbura kuba cabakiri uno musi wa gatandatu.

Ayandimakuru aramvuye ni mu kanya