Imyiyerekano ikomeye cane yabiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza irabandanya ! Raba hano muko vyagenze uyu munsi.

0

Mu Burundi imyiyerekano ikomeye yabiyamiriza ikiringo ca 3 c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabandanije uyu munsi, abatari bake bari bayitabiriye ku bwinshi nkuko abanyamakuru baba i Bujumbura babitwiganiye hano kuri UBM News.

1

Uyu munsi ukaba ugira uwa 25 wabamaze iminsi bakora imyiyerekano yo kwiyamiriza Petero Nkurunziza , mu nyakabiga ngo amasasu atari make ngo yarashwe kugira abari mumyiyerekano baveyo ariko vyabaye ivyubusa kuko bo bakaba bagumye bayibandanya.

UBM News tubibutse ko uyu munsi hari ingabo y’igihugu yagandaguwe n’umuporisi mu Nyakabiga aho hariko harabera iyo myiyerekano.

2

3

kano