Imyiyerekano Idasanzwe I Bujumbura Yakozwe N’Imbonerakure.

0

Ejo ku musi wa gatandatu itariki 22 Mukakaro 2017, urwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegetsi imbonerakure rwarakoze imyiyerekano idasanzwe mu gisagara ca Bujumbura, aho igitigiri c’abitavye iyo myiyerekano kiri hagati ya 10 000 na 12 000 nkuko abamenyeshamakuru bigenga nabo babitangaje.

Abatavuga rumwe bakaba badashima iyo myiyerekano y’ibonerakure ko hari ‘ico igamije’. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikaba rimaze uvuga ko urwaruka rw’imbonerakure ari ‘umurwi w’inkozi z’ikibi’( milice).

Nkuko vyari vyagiye ahabona, imbonerakure zari zatanze umuhango ko zokoze imyyerekano ikomeye,idasanzwe mu gisagara ca bujumbura. Bakaba bayikoze ejo bacungerewe mu buryo budasanzwe n’igipolisi, gushika naho amabarabara amwe amwe yari yugaye ata warengana.


Umwanditsi kurwego rw’igihugu wo mu mugambwe CNDD-FDD yamenyesheje ati: “ Igihe haboneka isinzi ry’Urwaruka mu mabarabara y’I Bujumbura, bariko bagenda n’amaguru baririmba indirimbo z’amahoro, twibutse ivyabaye mu 2015 aho habaye ukugerageza guhirika ubutegetsi, ryari ryo rya mbere kuri twebwe. Mu vy’ukuri nari nezerewe.

Abatavuga rumwe na leta bobo ntibaboa kumwe iyo myiyerekano itegurwa y’imbonerakure.Léonce Ngendakumana, Icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA-FRODEBU, ariyamiriza intwaro ubu itwara igihugu ku nguvu. Muvyo yabwiye BBC Afrique, avuga ati ; “Turi mu bihe vya politike vy’umwiza. Uretse urwo rwaruka rutegekwa n’ubutegetsi gukora imyiyerekano, nta wundi mugambwe wokora iyo myiyerekano hano mu gisagara ca Bujumbura. Barazi ko batomenya niyo babacanye aboja mwibarabara. Boca bakora nk’uko bakoze mu mwaka wa 2015: kurasa abantu amasase yica”.

Urwaruka rw’imbonerakure rukaba rwagirizwa n’amashirahamwe mpuzamakungu nka ONU nayandi araba ivy’agateka ka zina muntu, ko ruri inyuma yo guhonyanga agateka ka zina muntu bikabije muri iyi myaka ibiri iheze hari icuka kibi mu vya politike mu Burundi.