Imyaka Ibiri Irarangiye Uburundi Buri Mu Ngorane Za Politike n’Izubutunzi.

0

Icicpfuzo ca Pierre Nkurunziza co kwitoza mu kindi kiringo co kuyobora Uburundi caratumye Uburundi bwinjira mu magume ya Pilitike n’umutekano muke ubu haraheze imyaka ibiri. Mu gihe Ubutegetsi bw’I Bujumbura bwagerageje ivyo bushoboye vyose kugira bwirinde izo ngaruka zibabaje, Uburundi bwahavuye bwinjira no mu magume y’Ubukene budasanzwe.

Hamaze gutangazwa ivyerekeye ico kindi kiringo c’Umukuru w’igihugu, harateye amagume ku Burundi; abarundi ntibigera biyumvira ko boshikiwe n’ingorane barimwo ubu z’umutekano muke hamwe n’ingorane z’ubutunzi. Ikibababje, ni muri iyo mimerere abarundi babwirirzwa kubamwo, ubu bakaba babimazemwo imyaka ibiri.

Bivanye nakamo kabandanya gaterwa n’Abarundi hamwe n’amakungu kku vyerekeye ico kiringo cateye impari, Ubutegetsi bw’I Bujumbura bubandanya bugwanya bwivuye inyuma uwo wese azana ivyiyumviro bidahuje nabwo biciye ku guhagarika abantu, kunyuruzwa, hamwe nubundi bwicanyi;ivyo vyose bikaba vyakozwe n’ubutegetsi bwabandanije bwica amatwi kuri ico kibazo, nkuko uruhande rutavuga rumwe na Leta rubimenyedsha.

Utwigoro twose tw’amakungu ntaco dushikako kubera ukudashaka kw’ubutegetsi kwo gutorere umuti ikibazo gihanze abanyagihugu bashika imiliyoni 9.

Inyuma yaho habaye ikibazp ca Poliktike, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike yarahagurutse hamwe n’abatavuga rumwe na Leta, ariko benshi muri bo bisanze bahunze kubera bakurikiranwa n’ubutegetsi. Uburundi muri kino gihe burahanzwe n’ingorane z’ubutunzi, ingorane zitari bwigere zishika ku gihugu c’uburundi nkuko bamwe bamwe bavyemeza.

Muri kino gihe, Leta y’Uburundi ibwirizwa kugabanya amafaranga akoreshwa mubijanye n’indero gushika ku bice 30%, kugabanya ibice 54% mu bijanye n’amagara y’abantu hamwe no kugabanya ibice 72% mu bijanye n’igisata c’amazi. Abarundi barenga ica kane, ni kuvuga abarundi imiliyoni 3, babayeho mu bukene butagira izina, kandi bakaba babayeho hamwe bafashwa n’imfashanyo mvamakungu, abandi bakaba babeshejweho n’ubusuma, abandi bakaba babeshejweho no gusegerereza kugira bashobora kuba baramaze kabiri.

Kubera Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Buraya(UE) ritagitanga imfashanyo muri Leta y’Uburundi ishika ku bice 40%, Leta y’Uburundi ica ibwirizwa kurondera ibice 70% vya Budget ya Leta biva mu banyagihugu; Uburundi buca bwisanga buri hagati y’ingorane za Politike n’umutekano muke hamwe n’Ingorane z’ubukene burembeje abarundi.

Ariko ubutegetsi bwobwo bubandanya bumenyesha ko “ibintu vyose bigenda neza” hamwe nuko ubutunzi bw’igihugu bwifashwe neza muri rusangi. Dufatiye ku rutonde rw’ibihugu bikenye kwisi yose, Uburundi bugira gatatu uvuye inyuma mu bihugu bikenye kwisi yose, habanje Malawi na Sudani y’Epfo.