Imyaka 100 iraheze intambara ya mbere y’isi ibaye

0

Hariko haraba igikorwa co kwibuka imyaka ijana iheze uwari kuzoba umwami w’abami wa Autriche na Hungaria yiciwe i Sarajevo.
Iyicwa ryiwe n’umusore w’umu Serbe yaharanira ukwikukira, niryo ryateje ivyahavuye bivamwo intambara ya mbere y’isi.


Sarajevo baribuka imyaka ijana iheze intambara ya mbere y’isi itanguye

Abakomoka kuri Achduke Franz Ferdinand bitavye umuhango wo kwibuka abaguye mu ntambara, barorere n’ikarasisi y’abasirikare imbere y’ingoro y’umuryango hafi ya Vienne.

Ku murwa mukuru wa Bosnie, Sarajevo, harabera igiteramo c’umuziki kiremeshwa n’umugwi Vienna Philharmonic Orchestra.
Ariko izina rya Gavrilo Princip, uwishe uwo muhungu w’umwami, riracateje ukutavuga rumwe i Bosnie, abategetsi b’Abaserbe bakaba bateguye ibirori ukwabo.

Sources : BBC