Ngiyi hano Imvo yatumye Pr. Petero Nkurunziza atitaba inama y’abakuru b’ibihugu vya afrika y’ubuseruko

0

Mu gihe hari hateguwe kuba inama y’abakuru b’ibihugu vya afrika y’ubuseruko muri tanzaniya kuri uno wa mungu, umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ngo ntiyashoboye kugenda nkuko bishikirizwa n’isamirizi y’abafaransa RFI.

pnkurunziza

Imvo z’ukutagenda kwiwe ngo n’uko yarafise imyiyamamazo yategerezwa kujamwo nkuko bishikirizwa na Willy Nyamitwe asanzwe ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu mu bijanye n’ukumenyeshamakuru. Uwamuserukiye ngo yoba ari Alain Nyamitwe asanzwe ari umushikiranganji mushasha w’imigenderanire y’Uburundi nayandi Makungu.

Icari kwirwako uno musi n’ibijanye n’amatora ariko arategurwa mu Burundi hamwe n’ikiringo ciwe ca gatatu.

Mwomenya ko Paul Kagame nawe nyene ashobora kuba atagiye muri iyo nama, aho vyumvikana ko yarungitse umwe mu bashikiranganji biwe.

UBM News twobibutsa ko abasanzwe bari mumashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique mu Burundi baserukiwe muri iyo nama naho uwuserukira uburundi muri ico gihugu ca Tanzanie yari yabafatishije ngo ntibinjire ngo kubera ata butumire bagira.