Imvo insamirizi(Radio) zugawe zitugururwa zamaze kumenyekana

0

 

img-20150514-wa0009

Mu gihe ng’ubutegetsi bwa Bujumbura bwari bwaremeye kugira ico bukoze ngo ama radio yugawe aturiwe umusi w’igerageza guhirika ubutegetsi mu Burundi yugururwe, ngo gushika ubu hari ayamaze kumenyekana ko yari muri uwo mugambi wo gutembagaza ubutegetsi nkuko WIlly nyamitwe abishikiriza mu biganiro atanga.

Ivyo ngo bigaca bituma ubutegetsi bwa Bujumbura butagira ico bukoze ngo izo nsamirizi zifungurwe kuko hari amatohoza akiriko arakorwa n’Ubutungane ku bijanye n’ivyabaye. Ngo igihe ayo matohoza azohera ivyo binyamakuru bizoheza bishigikirwe mu gihe bazosanga ata caha bagirwa.

Ivyo naho biruko bikaba vyamirirwa kure n’amashirahamwe ahurikiyemwo ivyo binyamakuru kuko bivuga ko umugambwi wo kuvyugara wari usanzwe uhari kandi wategerezwa gukurikizwa nkuko Innocent Muhozi nawe abishikiriza, ngo n’ikimenyamenya nuko indwi zishika zibiri imbere yuko hashaka gutembagazwa ubutegetsi izo nsamirizi zari zamaze kwugarirwa kwumvikana mu makungu.

Twobibutsa ko imbere yuko insamirizi RPA n’izindi ziturirwa hari amakuru iyo nsamirizi RPA nyene yari yaronse avuga ko bashobora guturira iyo radio, ariko nkuko amakuru yabandanije abivuga ngo barashikirije ayo makenga abejejwe gukinga izo ngorane ariko ntaco babikozeko.