UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Impunzi zisabwa gusubira mu Burundi kuko amahoro yagarutse-Hamad Masauni

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu Hamad Masauni asaba impunzi z’abarundi gusubira mu gihugu kuko ivyo bahunze bitakiriho amahoro yaragarutse mu gihugu.Hamad Masauni avuga ko hagiye gutanguzwa isekeza ryo kubaza umurundi umwe umwe wese igituma adashaka gutaha maze inyishu zizotwangwa zizotuma umurundi yakwa ubuhungiro canke yemererwe.Ibi bikaba vyapfundikiwe mu nama yahuje intumwa za Leta y’uburundi hamwe n’umushukiranganji wa Tanzaniya
ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu hari kuri uyu wa kane mu ntara ya Kigoma muri Tanazania.


Igenekerezo rya 6 ruheshi 2024 mu gihugu ca Tanzaniya mu ntara ya Kigoma harabaye inama yahuje umushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu Hamad Masauni hamwe n’ intumwa za Leta y’uburundi,muvyari bibakoranije cari ikibazo c’impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya bipfuza ko zosubizwa mu gihugu kubera amahoro yagarutse.

Muri iyo nama bapfunditse ko hagiye gutanguzwa isekeza ryo kubaza abarundi bose umwe umwe wese impamvu atipfuza gutahuka mu gihugu.iryo sekeza rikaba rizotangura mu mwaka uza wa 2025 maze inyishu bazokwishura nizo zizotuma umurundi abandanya afatwa nk’impunzi canke agatahukanwa mu Burundi.

Hamad Masauni agira ati:«Amakungu yose arazi ko mu Burundi amahoro yagarutse rero ibyatumye abarundi bahunga ntibikiriho niyo mpamvu abarundi bahamagarirwa gutaha.Tugiye gutanguza isekeza mumwaka uza wo kubaza impunzi ikibuza abarundi gutahuka mu gihugu maze tuzoheza dusume ko inyishu batanze zikwije ibisabwa kugira dufate ingingo zibereye.

Igihugu ca Tanzaniya kiri mu bihugu vy’akarere gicumbikiye impunzi z’abarundi kuva no muri kahise guhera mumyaka ya 1993 hamwe n’abarundi batari bake bahunze imvururu za politike za 2015 n’inyuma yaho.ubu impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya zingana ibihumbi 158902 nkuko vyashikirijwe muri iyo nama.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments