Impunzi Zirabandanya Kwiyongera Muri Tanzania

0

Urugwirirane rw’impunzi mu nkambi za Tanzania rutegwa n’abaguma bahunga, rushobora gutuma ingwara ziba umurengera, niko umunyango w’abaganga batagira imbibe batabara imbabare “Médecins Sans Frontières” (MSF) wavuze.

Impunzi 290 000, bitatu vya kane vyazo zituruka mu Burundi, zigerekeranyeko mu nkambi zitatu – Nyarugusu, Mtendeli na Nduta – MSF niko ivuga.

Ikambi ya Nduta yari yashinzwe ngo itezurire iya Nyarugusu, mu burengero bw’intara ya Kigoma, ubu ifise impunzi 117 000, zikuvye kabiri ku zari zihategekanijwe.

MSF ivuga ko impunzi ziri hagati ya 600 na 1000 zinjira muri Tanzania ku musi

Bitegekanywa ko ishobora kuba irimwo impunzi 150 000 mu kwezi kwa kane, mu gihe umurindi w’abantu bashasha 600-1 000 yakira ku munsi utohinduka.
MSF, yitaho amagara y’izo mpunzi mw’ikambi, ivuga ko abagwayi ivura bataha, bamaze kwikuba incuro zine.

Ivuga ko ukegerekeranako hamwe n’ukubura amazi n’utuzu twa surwumwe bituma ingwara za malaria, ugucibwamwo, ingwara zijanye n’uguhema hamwe n’ingwara zo ku rukoba ziyongera.

Uwurongoye MSF David Nash yavuze ko hakenewe gushingwa iyindi kambi.
“Mu gihe izi kambi ukwo ari zitatu zimaze kwuzura hanyuma umurindi w’impunzi ntugabanuke, biribonekeza ko hakenewe ikibanza c’ikambi ya kane yoca ishingwa. MSF imaze igihe itera ako kamo, ariko nta na kimwe turabona gikogwa”

David Nash yavuze kandi ko ingingo leta ya Tanzania iherutse gufata yo kudaha ubuhungiro abarundi binjira muri ico gihugu muri kino gihe, ishobora gutuma haba ingaruka ku mfashanyo itangwa.