Impunzi Muri Tanzania Zigiye kuza Ziraronswa Imfashanyo Y’Amahera

0

Ishirahamwe rijejwe ibijanye n’imfungurwa kw’isi PAM ryatanguye gutanga amahera angana n’ibihumbi mirongo ibiri vy’amashilingi y’amatanzania( mu marundi ni nkayo nyene) ku mpunzi imwimwe yose ( ni nk’amadolari 9 y’Abanyamerika) ku munzi ziri mu nkambi y’impunzi ya Nyarugusu, iri muri District ya Kasulu, mu ntara ya Kigoma mu gihugu ca Tanzania, nkuko tubikesha BBC News.

Iyo kambi ya Nyarugusu ikaba irimwo impunzi zirenga ibihumbi ijana vy’abakongomani hamwe n’abarundi bahungiye mwiyo kambi.

Iri ni irya mbere ku mpunzi guhabwa imfashanyo y’ibifungurwa hakoreshejwe amahera kuva ikambi z’impunzi zibaho muri Tanzania.

Aho impunzi ziriko zironswa imfashanyo y’amahera mu nkambi ya Nyarugusu.
(Ifoto yafashwe na PAM)

Nkuko umwe mu mpuzi yaganiriye na BBC abivuga, ‘aranejerejwe niyo ngingo yo kubaha amahera kuko ubu bigiye kumworohera gusuma ibifungurwa yipfuza nk’umuceri, inyama hamwe n’ibindi atahora aronka bivanye n’uko bahora bahabwa ubufu bw’ibigori n’ibiharage gusa’.

Eka nabatanzaniya basanzwe bakorera mwisoko ihuza abakongomani, abarundi hamwe n’abatanzania barashima kuko ubu bagiye kudandaza bunguka kuko bazoronka ababagurira ibidandazwa vyabo neza.

Ariko impunzi zimwe zimwe zisaba ko ayo mahera yokwongerezwa kuko ari make bivanye nuko ibiciro vyibifungurwa vyaduze.

Umukuru w’ishirahamwe PAM muri District ya Kasulu, Saidi Johari, amenyesha ko uwo mugambi uje hageze ku gucungura umwanya kuko ‘bahora bakoresha imisi itanu canke irenga mu gutanga imfungurwa ariko ko ubu bagiye gukoresha umwanya muto kugira bafashe izo mpunzi ‘, ivyo navyo bikagabanya abakozi bakoreshwa mu gutanga imfungurwa hamwe n’ubusuma wasanga bwibonekeza mu ibihe vyo gutanga izo mfungurwa.