Impungenge ni nyinshi mu bantu kubera iduzwa ry’ibiciro vy’igitoro

0

Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka bwasohoye ibiciro bishasha vy’igitiro kuva kuruno wa gatanu igenekerezo rya 19 Nzero 2018, ubu ibitoro nka vyose bikaba vyadugijwe igiciro.

Ivyo bishitse mu gihe hari hamaze hafi indwi zibiri hibonekeza ubukena bw’igitoro na cane cane co mu bwoko bwa esanse haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu.

Kuri ryo kena rya esanse,umuyobozi mukuru ajejwe ivy’igitoro yaheruka gushikiriza ko mu misi iri imbere kigiye kuboneka.

None ko yariyashikije ko igitoro kigiye kuboneka ,vyogenda gute ibitoro bice biduga ibiciro kandi n’ingorane y’ubukene bwaco itari bwatorerwe umuti ?

Umushikiranganji w’ubutare n’agataka Ir Come MANIRAKIZA,mw’itangazo yasohoye rimenyesha ko igitoro co mu bwoko bwa Esanse kigiye kugurishwa amafaranga agana 2250 y’amarundi kw’iritiro, Amazutu nayo agurishwe ayo mafaranga nyene kw’iritiro .

Igitoro co mu bwoko bwa Peterori nk’uko biri muriryo tangazo kigiye kugurishwa amafaranga angana 2000 y’amarundi kw’iritiro.

Umushikiranganji Ir Come MANIRAKIZA asigura ko ivyo biciro vyadugijwe hisunzwe ko amafaranga y’Uburundi yataye agaciro bafatiye ugereranije n’idorare ry’abanyamerika eka no ku giciro c’igitoro kw’isoko mpuzamakungu.

Bisanzwe bimenyerewe ko iyo ibitoro bidugijwe ko ibintu bitari bike navyo nyene bica biduga ibiciro haba amafaranga yo kwiyunguruza,ibiribwa canke ibindi bintu vya nkenerwa mu buzima.

Abantu batuye mu gisagara ca Bujumbura bamaze kumva iryo duzwa ry’igiciro bavuze ko bitazoborohera kwisuganya mu buzima kuko iyo igitoro kidugijwe igiciro gica gituma ibintu vyose abantu bakenera mu buzima navyo biduga.