Impapuro z’inzira ntiziriko ziratangwa muri PAFE, imvo ?

0

Ku musi wa gatanu igenerekezo rya 19 /6 ibiro vy’igipolisi kijejwe imbibe PAFE vyarugawe aho hamenyeshejwe ko impamvu bugaye ari kubera ibikoresho bikorwamwo izo mpapuro z’inzira zaheze hamwe n’ibikoresho bibikora ngo vyarushe.

arton14187-9a177
Abanyagihugu benshi gose bakaba bari bafise umubabaro udasanzwe na rirya arico kigo ca leta cari kigize igihe cakira abantu benshi kuva ibibazo biri mu Burundi bijanye n’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca petero nkurunziza itanguye.
Amakuru akurwa ku mbuga za Facebook za bamwe bamwe mu banyepilitique yerekana , ishusho hataramenyekana ryari yafashwe, iyo shusho ikaba iriko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana ari muri PAFE aho bivurwa ko ariho yaraje kuraba ko itegeko ry’ukwugara PAFE ryoba ryakurikijwe. Ku ntumbero iyihe ? Mu makuru yacu yo hanyuma.