UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Impanvu ishobora gutuma imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda yononekara yamenyekanye

UBM News ads

Abahinga mu vy’imigenderanire bavuga ko ikibazo c’ibiziga vyatowe mu kiyaga Rweru gikwiye kwicarirwa n’abarongoye ibihugu bibibiri Urwanda n’Uburundi.

Pascal Niyonizigiye umuhinga mu vy’imigenderanire n’ibindi bihugu akavuga ko ibiziga vyatowe mu kiyaga Rweru bishobora kwonona imigenderanire y’ibihugu vyompi uko ari bibiri. Ivyo akaba abivuze inyuma y’aho umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika Valentin Bagorikunda avugiye ko ibiziga vyatowe ku kiyaga Rweru vyazananye Urwanda, bidatevye, umushikiranganji w’imigenderanire w’ Urwanda n’ayandi makungu Louise Mushikiwabo nawe, akavuga ko ivyo biziga atari ivyo muri ico gihugu. Ndetse akavuga ko ata n’umurwi washizweho ku mpande zose kugira ico kibazo c’ibiziga gitorerwe inyishu.

kagame

Abatari bake y’aba amashirahamwe mpuzamakungu co kimwe n’ayo muri aka karere, bose bakavuga ko bipfuza kumenya ukuri kuri ivyo biziga vyatowe bireremba mu kiyaga Rweru, aho vyaboneka ko abo bantu bapfuye bishwe urw’agashinyaguro.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments