UBM News ads

Impamvu nyamukuru Leta ya Congo idashaka kuganira na M23 ! Amaherezo yavyo nayahe ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uyu musi twagira tuvugane ku ngingo Leta ya Congo yafashe yo kutaja ku meza y’Ibiganiro na M23.

Mu bisanzwe buri Gihugu cose kibaho gifise uburyo citunganije mubijanye n’urwego rw’iperereza ryo hagati mu Gihugu no hanze yaco. Uru rwego ruri mu nzego zikoresha amafranga menshi cane.
Kuba Leta ya Congo yafashe ingingo yo kutaganira na AFC/M23 irafise amakuru akwiye ko M23 itabaho. Kandi vyukuri ntibaho,ahubwo namba ari ibiganiro vyoba hagati ya Congo n’Urwanda kuko nibo bashamiranye!
Kuba Président Kagame aguma asaba ibiganiro hagati ya Congo na M23,nuko we azi imitego ariko ategamwo,kandi Leta ya Congo umusi yokwihenda ikicarana na AFC/M23 izoba igiye mumutego udasanzwe!
Ego inzira y’Ibiganiro irabaho kandi ni nziza,ariko mbere yo kubijamwo ubanza ukaraba imbere,ukanibaza ibibazo bitari bike:
Mbe nganira nande?
Tuganira ku biki?
Ashaba ibiki?
Uwuduhuza Ninde?

Mugihe rero uwo muganira utamubona neza,ivyo agushakako ukabona bidakunda,inzira yagusavyemwo ivyo biganiro ukabonako ari inzira mbi,…..urashobora kwemera ivyo biganiro canke ukavyanka! Vyose ubifitiye uburenganzira!
Iyo Africa yacu rero itwarwa n’indyadya gusa,umwe wese aniganira inyungu ziwe n’umuryango wiwe canke akarwi kanaka ka bantu.
Ibi nivyo bituma ata terambere rirama Africa ishikako,kuko umunya Africa ari ready kwica uwundu muny’Africa kubw’inyungu ziwe!
Ego n’Abazungu baricana ariko kenshi bobo bapfa inyungu rusangi,bapfa ubugabo canke ubutunzi rusangi.

Umuny’Africa ari ready kwica igihugu ciwe kubera inyungu ziwe bwite,
Umuny’Africa ari ready kwica igihugu ciwe canke c’umubanyi kubera inyungu z’uwundi muntu(umuzungu)
Ibi mwarabibonye mu bihugu vyinshi vya Africa ya ruguru ingene aba Presidents baho bagiye barica ibihugu vyabo kubera inyungu zabo niz’Abafaransa.
Murabibona no ngaho iruhande yanyu muri Congo ingene Urwanda ruriko rwica abanye congo kubw’inyungu zarwo n’abanya bulaya.
Nico gituma ubona n’amashira hamwe abany’Africa bashinga ataho agera,kuko ni indyadya gusa! Akarorero A.U(African Union)mubona imariye iki Africa?mugihe igihugu gifata kigatera ikindi ikaguma yihoreye?
EAC(East African Community)mubona imariye iki ako karere? Iyo yoyo isa niyimaze kwicamwo imirwi ibiri.
1.Rwanda,Kenya,Uganda aba bari mumurwi wabo kandi basangiye imigambi yabo ibindi bihigu bitarimwo! Akarorero: uyu musi umuryarwanda arava mu Rwanda akaja muri Uganda na Kenya ata Passport atwaye,yitwarira indanga muntu gusa!
Ariko Umurundi ntibikunda,ategerezwa gutwara Passport canke Laissez passer.

2.Burundi,Congo,Tanzania navyo bisa nivyakumiwe,ariko vyovyo ntibiri kumwe cane bivuye kuri Tanzania kuko coco ivyo bindi bihigu vyose biragikeneye,yaba Urwanda,Kenya,Uganda, baguma bakenera Tanzania cane bivuye kumpamvu nyinshi:
-ikivuko ca Dar es salaam bagikeneye bose,
-Tanzania ifise amahinguriro menshi ahindura ivyo ivyo bindi bihugu bakenera.
-Ifise abantu benshi,ubwo bayikeneramwo amasoko yama products zabo,…gushorerayo.
Tugarutse rero kuvy’Ibiganiro vya Leta ya Congo na AFC/M23, nanje ubwanje ntavyo nshigikiye kuko ni umutego udasanzwe Congo yoba yitayemwo,yoba iganiriye n’Umurwi utabaho!
Ahubwo namba hoba ibiganiro vyoba hagati ya Congo n’Urwanda rwayiteye.

President Kagame nareke gutega imitego Kisekedi,niyemere yemange ko yateye Congo hama baganire avuge icatumye ayitera bihere.
Ariko kandi si Kagame yarakwiye guhatira Congo kuja mu biganiro na M23,kuko Nawe ubwiwe yaranse imyaka myinshi ibiganiro na FDLR na FLN igwanya Leta yiwe,abita imirwi yakoze Genocide,imirwi yitera bwoba….n’ibindi.
None umuntu aca yibaza M23 nayo Kagame ayita gute?

Museveni muri Uganda yaranse burundu kuganira na ADF NALU na LRA(Lord Resistance Army) igwanya Leta yiwe,ariko mukanwa iwe hamiramwo indirimbo zitegeka Congo kuja mu biganiro na M23.
None aba bantu nimba baziko amahoro arondererwa mubiganiro kuberiki batotanga akarorero keza bakaganira niyo mirwi irwanya ama Leta yabo Hama bakabona gusaba Congo kuganira na M23!!???? Iyo mirwi ya FDLR mu Rwanda na za ADF NALU na LRA muri Uganda yafashe inkoho ija mumashamba kubera harivyo badahurizako nama Leta yabo,nibaganire rero batahe bave muri Congo hama haveho ivyitwazo vya misi yose ngo tugiye Congo guhigayo aba na bariya! Uyu musi Kagame ijambo Genocide yarigize inkoni yo gukubitisha uwo badasangiye ivyiyumviro. Akibagira neza ko ivyo ariko arakora uyu musi ko ariko ategura iyindi Genocide izoza isumba iyubwambere!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments