Imodoka ya Kazungu bazoyiturira

0

Abanyagihugu bo muri komune ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura bagabishije Kazungu ngo nka hamwe yokwihenda agasubira gukora nkivyo yaraye akoze canke bagasubire kumubona ahonyoje ikirenge muri iyo komune ngo n’imodoka yiwe bazoyiturira. Bakaba banamumenyesheje ko abanya Buterere ari abagumutsi cane ngo nibabasotora nabo bazoja mw’ibarabara.

Imwe mu miduga yaturiwe lku Musaga
Imwe mu miduga yaturiwe lku Musaga

Bakaba babivuze mu gihe ku musi w’ejo yagira anyuruze umuntu amukuye muri iyo komune, amakuru dukesha abashitse kuri ico kibanza ngo bishoboka ko uwo mugabo bamwagiriza ko ariwe atanga amagerenade aterwa mu myiyerekano.

Mwomenya ko amakuru abandanya adushikira avuga ko uwo yagira anyuruzwe yari umu FNL kandi n’urwaruka rwaje kumufasha ngo ntibamutware ari aba FNL.