Imigenderanire Ibandanya Yononekara hagati ya Turkiya n’Ubuholande

0

Nkuko ikinyamakuru INQUISITIR: WORLD NEWS kibimeyesha, inyuma y’aho leta y’Ubuholandi yankiye ko Umushikiranganji w’imigenderanire nayandi makungu w’igihugu ca Turkiya ko yinjira mu gihugu c’ Ubuholande n’indege mu ndwi iheze, abantu bakora imyiyerekano bashigikiye Turkiya bakoze imyiyerekano kuri uyu musi wa mbere itariki 13/03/2017 mu gisagara ca Rotherham mu Buholande.

Abapolisi b’ubuholande baciye bakoresha imiringoti y’amazi kugira bahagarike iyo myiyerekano.Amavideo yo kuri internet yerekana ko igipolisi co mu Buholande bakoresha imbwa n’amafarasi mu gihe bahangana nabo bakora imyiyerekano.ivyo biriko biraba mu gihugu c’Ubuhollande mu gihe hasigaye imisi mike kugira habe amatora yo gutora Umushikiranganji wa mbere w’ubuholande.

Abapolisi b’ubuhollande barabandanya bahangana n’abakora imyiyerekano muri Rotherham

Vyose bikaba biriko biraba kubera Ubuholande bwankiye ko Umushikiranganji wa Turkiya Fatma Betul Sayan Kaya ko ashika hasi n’indege ku kibuga c’indege ca Rotherham. Intumbero ya Fatma Fatma Betul ikaba yari iyo gukora igikorane kidasanzwe ca politike kugira ashigikire amatora yimirije kuba muri Turkiya azotuma aha Umukuru w’igihugu ca Turkiya Recep Tayyip Erdogan ububasha bwiyongereye.

Mukamenya ko Umukuru w’igihugu ca Turkiya abonwa na bamwe bamwe ko ari umutegetsi atwaza igikenye nkuko na Rapport ya Human Rights Watch iheruka gusohora abategetsi bane mwisi babangamiye ubuzima bwabantu mwisi yamushizemwo mwabo bane, nabo akaba ari Donald Trump, Erdogan, Umukuru wa Fillipine Rodrigo Duterte hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Hongrie.

Abanyagihugu ba Turkiya bakaba barababajwe nico kintu cabaye. Umukuru w’igihugu ca Turkiya yaciye asimbira kuri Televiziyo maze avuga ko Ubuholande ari “amasigarira y’Abanazi”, intwaro ya kera y’abadagi yatwaza igikenye , yongera avuga ko Ubuholande “buzoriha indishi y’akababaro” kubona birukanye Umushikiranganji wiwe.

Ivyo vyagiriji vya Erdogan bikaba bitakiriwe neza mu Bu Hollande. Ubutegetsi bw’ubuhollande bwaranse ko ata bikorane vya politike vyibindi bihugu bizobera ku butaka bwabo.

Ivyo vyose biriko biraba biriko biratuma Abanyaburaya( L’Occident) bagomba kubandanya bitandukanya n’aba islamu kubera badafise imico kama imwe.

Ivyo vyose biri uko mu gihe hari amakuru aheruka kuhaca avuga ko Umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladmir Putin, ariko akoresha umukuru w’igihugu ca Turkiya kugira asambure Ibihugu vya Buraya, kandi Erdogan aheruka kwagiriza Ubudagi ko nabwo bugifise ya ntwaro y’agahotoro y’abanazi.