Imigambwe icenda hamwe n’abanyeporitike bari mu murwi w’abiswe acteurs politiques, bamenyesha ko atamuco uri mw’itegurwa ry’amatora yo mu mwaka w’2015, ndetse bagasaba ko hojaho umurwi wa CENI ataho wegamiye.
Mw’ikete iyo migambwe hamwe n’abo banyeporitike bandikiye umukuru w’igihugu hamwe n’abategetsi bakuru bo muri iki gihugu, uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya n’Afrika, mu gusaba ko hojaho umurwi utegura amatora meza, kandi ataho yegamiye. Umurwi CENI uhari uwu munsi mu Burundi, ukaba uriko uriyamirizwa n’imigambwe itavuga rumwe na CNDD-FDD, umugambwe urongoye Uburundi kuva mu mwaka w’2005 kuba uwo murwi uriko ukorera inyungu z’uwo mugambwe uri ku butegetsi.
Abarongoye iyo migambwe bavuga ko habuze ikiyago mw’itegurwa ry’ayo matora ku va mu mwezi kwa Mukakaro uwu mwaka, ndetse ihonyangwa ry’ivyari vyarashitsweko mu rupapuro rw’inzira abanyeporitike bashizeko umukono bose mu ntara ya Kayanza ruhonyangwa amenya nk’uko babandanya babivuga.
Sources : Igihe Burundi
Recent Comments