Imigambwe 27 Mu Burundi Iriyamiriza Isekeza Ryiswe « Ndondeza ».

0

Inyuma y’Umubonano abaserukiye imigambwe bagiranye n’Umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana mu ntara ya Kayanza, hari ingingo zafunditswe zasohotse itariki 27 za Ruheshi 2017, aho abasinye kuri urwo rwandiko 27 bahurije hamwe ku kwiyamiriza isekeza ryataziriwe « NDONDEZA » ryatangujwe n’Ishirahamwe FOCODE(Forum pour la Conscience et le Développement) rirongowe na Pacifique Ninihazwe. Iyo migambwe ikaba ibona ko iryo sekeza Ndondeza riza kugira « rice intege abarundi kugira bahunge igihugu ».

Ico kibazo kandi carabajijwe abashikiranganji mu kiganiro bakoze ku musi wa gatatu 28 Ruheshi 2017 aho bishura ibibazo vy’Abashingamateka. Abashikiranganji bakaba bibaza ko Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE kandi ariwe yatanguje iryo sekeza NDONDEZA, aronka imfashanyo y’amahera y’agaciro kuri kintu cose gishizwe ahabona.

Umwe mu bashingamateka akomoka mu mugambwe uri ku butegetsi yavuze ati : « Pacifique Nininahazwe avuga ko aburanira agateka ka zina muntu ariko sivyo na gato, aranyegeza abantu abandi akabanyuruza hama akavuga ko ari ubwicanyi bukorwa mu Burundi ».

Ku bw’abashingamateka batowe bava mu runani Amizero y’Abarundi, bo ntibahuza n’abashingamteka bava mu mugambwe uri ku butegetsi. Bo babaza ko nimba Jean Bigirimana, umumenyeshamkuru w’ikinyamakuru Iwacu yoba yarinyegeje ko azogaruka vuba.

Naho ubutegetsi hamwe nabo buri kumwe mu gutwara Uburundi bavuga ibitandukanye kuri iryo Sekeza NDONDEZA, Pacifique Ninihazwe abandanya ashira ku mugaragaro ababandanya banyuruzwa bakaburirwa irengero ry’abo ; nk’akarorero Major Deo Ndagijimana yaburiwe irengero ryiwe itariki 17 za Ruhuhuma 2017.