UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Imbonerakure za CNDD-FDD ivyo ziriko zirakorera abanywanyi ba Agathon Rwasa muri FNL biteye isoni

UBM News ads

Abari mu mugambwe FNL ishami rya Agaton Rwasa bavuga ko bari mu yabira, mu gihe urwaruka rw’Imbonerakure ku musozi wa Nyabikenke komine Nyamurenza babasaba kwinjira mu muhari wabo ku nguvu.

Nk’uko bamwe muri abo bagirwako iryo terabwoba bo muri FNL ishami rya Agaton Rwasa babibwiye bagenzi bacu bakorera iradiyo RPA ijwi ry’abanyagihugu mu ntara ya Ngozi, bavuga ko Imbonerakure zizwi ku mazina ya Didiyo na Erenesito baja imbere muri ukwo gusaba abo bari muri FNL ishami rya Agaton Rwasa kuja mu muhari w’Imbonerakure, ahandi ho bakababwira ko bazibonerako. Abo bari muri FNL, bakavuga ko mw’ikarashishi ry’Imbonerakure ryo ku minsi ya gatandatu n’iy’Imana, Imbonerakure ziruka zigateba zigashika no ku mihana y’abo bari mu muhari w’Ivyuma vy’indege vya FNL.

Musitanteri wa komine ya Nyamurenza avuga ko ivyo atavyo yari azi. Dieudonne Niyonzima musitanteri w’iyo komine akavuga ko, aboba bagirwako iterabwoba bose boja ku mwitura agaheza akabatunganiriza. Ariko abo bari mu mugambwe wa FNL bo bakavuga ko hageze naho, abajejwe intwaro bababwira ko naho bogira urubanza batazoronka uwubatunganiriza, hamwe batoja mu mugamwe CNDD FDD, uri kubutegetsi.

Sources : Igihe Burundi

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments