Intumwa idasanzwe ya ONU mubijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi Fortuné Gaetan Zongo aratunga urutoki umuhari w’urwaruka rw’imbonerakure wegamiye umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD ibikorwa vy’iterabwoba,guhagarika abantu bidaciye mu mategeko hamwe no kubanyuruza bakaburirwa irengero,ivyo vyose bakabikora bidegemvya ntibaheze ngo bahanwe. Uwo muhari w’Imbonerakure kandi ngo urahohotera,gutera ubwoba no guhagarika abanywanyi b’umugambwe CNL bidaciye mu mategeko bafashijwe n’inzego zijejwe umutekano. Ibi yabishikirije mu nama igira 56 y’agateka ka zina muntu I Geneve.

Igenekerezo rya 4 mukakaro 2024 I Geneve harabaye inama igira 56 y’agateka ka zina muntu aho intumwa idasanzwe ya ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi yagarutse ku bikorwa bikorwa n’urwaruka rw’imbonerakure mu Burundi.
Muri raporo yiwe Fortuné Gaetan Zongo yavuze ko imbonerakure zegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD zasubiriye inzego z’umutekano aho arizo zikizura mu turere nka twose kandi vyari gukorwa n’inzego zijejwe umutekano.Imbonerakure kandi ngo zirakora ibikorwa vyo gutera ubwoba abantu,kubahagarika bidaciye mumategeko hamwe no kubanyuruza bakaburirwa irengero.izo mbonerakure zikaba ngo zidaheza ngo zihanwe.
Fortuné Gaetan Zongo yaragarutse kandi kuvyerekeya umutekano mu gihugu aho mu Burundi hibonekeza ukudahana bagakingira ikibaba abahonyanga agateka ka zina muntu mu gihigu abo nabo akaba ari imbonerakure,aba polisi hamwe n’abajejwe iperereza.
Muri iyo raporo kandi hazamwo ibikorwa vy’abamenyeshamakuru mbere n’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi aho babangamiwe muri kino gihe mu gughagarikwa,gupfungwa bidaciye mu mamategeko hamwe no guterwa ubwoba.aho atanga akarorero k’abamenyeshamakuru;Irangabiye Floriane hamwe na Sandra Muhoza bapfunzwe hahonyanzwe amategeko.
Imbonerakure n’inzego zijejwe umutekano baratungwa urutoki kandi mu guhohotera,gutera ubwoba no guhagarika bidaciye mu mategeko abanywanyi b’umugambwe CNL.Muri iyo raporo ikerekana ko Leta y’uburundi ishaka gukumira Agathon Rwasa mu matora yimirije inyuma yahoo baheruka gusambura umugambwe wiwe.





Recent Comments