Mu gihe bamwe babona ko imbonakazoza ari ururirimbo gusa,pr Siméon Barumwete umuhinga akaba n’umwarimu muri za kaminuza we siko abibona,ahubwo iyi mbonakazoza ije guhindura ubuzima bw’umurundi.
Kubwa Siméon Barumwete,muri 2040 umurundi azoba yinjiza umwimbu(PIB)w’idorare 2000 ku mwaka mu gihe muri 2060 naho azoba yinjiza idorare 4500.

Umuwigisha muri za kaminuza zitandukanye mu burundi SIMON Barumwete aremeza ko muri ya mbona kazoza ya 2040-2060 umurundi azoba yifashe neza kuko ufatiye ku mwimbu umunyagihugu aronka(PIB)uzobaa waduze cane. Nkuko bishikirizwa nuyo muhinga,muri 2040 umurundi azoba yinjiza umwimbu(PIB) w’idorare 2000$ ku mwaka nayo muri 2060 umurundi azoba yinjiza 4500$.
Kuvyerekeye kuramba naho(Esperance de vie),umurundi azobaho kugeza kumyaka 64 muri 2040 mu gihe muri 2060 naho azoramba gushika ku myaka 80.iki gihe umurundi akaba atagishikana imyaka 60.
Ibi bikaba bishikirizwa n’umuhinga akaba n’umwigisha muma kaminuza,muvyirwa yakoze akaba yabishikirije muri ca kiganiro giheruka gutunganywa n’ishirahamwe PARCEM kuwa 25 nyakanga 2025





Recent Comments