Ikiziga c’umugabo catowe mw’ikambi y’impunzi

0

Umugabo yahora aba mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya yatowe ikiziga muri karitiye y’icenda iri muri iyo kambi. Amakuru ava aho i Nduta avuga ko icishe uwo mugabo kitaramenyena.

Nk’uko bivugwa n’ababonye ico kiziga, nta kimenyetso na kimwe c’ubugizi bwa nabi uwo mugabo yari afise, umuryango wiwe ukikeka ko yoba yahawe ishano (Isumu).

Uwo muryango usaba ko amatohoza yokorwa kugira abakoze ubwo bugizi bwa nabi bamenyekane.