Ikiroberi kizorwanya intwaro ya Nkurunziza coba Kiriko kirashingwa

0

Hoba hari ikiroberi kiriko kirakorwa mu gishigikiwe n’igihugu c’Urwanda nkuko ikinyamakuru Burundi 24 kibishikiriza, uwuwzoba ari ku mutwe ngo n’umu General yari yamenyesheje ko yatembagaje intwaro ya Nkurunziza, uwo nawe ni General niyombare.

burundi-major-general-godefroid-niyombare_0
General Godefroid Niyombare umusi avugira kuri RPA amenyesha ko intwaro ya Pr. Nkurunziza itembagajwe

Umwe mu bagiye mu kiroberi ca FDD amenyesha ko biteguye kurwanya uwo muroberi wese azoba azanywe n’abo bantu, bakanamenyesha ico kinyamakuru Burundi 24 ko ata bwoba banafitiye igisirikare c’urwanda, bivurwa ko gishobora gutera Uburundi giciye ku ruhande rw’urwanda hamwe n’urwa congo.

Mwomenya ko bishoboka ko mwi’ikambi y’impunzu y’abarundi bari mu Rwanda neza neza i Kirehe hoba hariko hinjizwa urwaruka rutari ruke mu gisirikare kitaramenyekana uwuzogitwara n’iyo bakorera imyiyemerezo.