Amashirahamwe arenga amajana atatu yo mu Burundi adaharanira inyungu za poritike, yatanguje urugamba rwo kwiyamiriza ikiringo ca 3 ca Petero Nkurunziza.
Mu kiganiro ayo mashirahamwe yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, basaba ko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atohirahira ngo ahonyange ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano y’amahoro y’i Arusha mu kwitoza mu kiringo ca gatatu. Vital Nshimirimana umwe mu bavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe, akaba yasiguye ko umukuru w’igihugu ariko araheraheza ibiringo vyiwe ahabwa n’amategeko bibiri. Bamusaba ko atokwitoza mu kwubahiriza amategeko, ndetse no mu gukinga akajagari ko kwaduka. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC akavuga ko ahubwo kugira umukuru w’igihugu akure impari mu bantu, yategerezwa kuba yamaze kuvuga ko atazitoza.
Bakamusaba ivyo, mu gihe abatari bake yaba abo mu migambwe, amashengero, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike hamwe no mu mugambwe avamwo nyene CNDD-FDD, hari bamwe bamaze kugaragaza ko badashaka ko asubira kwitoza ubwa gatatu. Aha tukavuga nk’umukenguzamateka Richard Nimbesha, umwe mu batanguje uwo mugambwe.
Mukamenya ko umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza avuga ko hamwe umugambwe wiwe womutanga, atacobuza yitoza, hanyuma sentare ntahinyuzwa yonyene igaheza ikazoca urubanza. Ariko abo muri ayo mashirahamwe bakaba batizeye iyo sentare, mu gihe abayarongoye, bavuga ko bacibuka n’iyirukanwa ry’abashingamateka 22 ubutarariye mu nama nshingamateka , iyo sentare irorera. Bakabona ko iyo sentare atao itandukaniye n’izindi.
SRC: Igihe
Recent Comments