Ikirangamisi c’amatora gishasha coco kizokwubahirizwa?

0

Ikirangamisi gishasha c’amatora camaze gushirwa ahabona, aho ni inyuma yaho inama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko basabiye ko amatora yokwegezwa inyuma ku kiringo c’ukwezi n’inusu.

Vue-partielle

Mu kiganiro umurwi CENI utemerwa n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi yahaye abanyamakuru hamwe n’abanyamigambwe batandukanye ku musi wa mbere isaha icenda z’umuhingamo, Ambasadeur  Pierre-Claver Ndayicariye yarashize ahabona ico kirangamisi gishasha kigizwe n’amatariki y’ukwezi kwa gatandatu hamwe n’ukwezi kw’indwi ku matora agizwe n’imice itatu.

Amatora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yobaye igenekerezo rya 26/5 yashizwe igenekerezo rya 25/6 inyuma y’ukwegezwa inyuma ikiringo c’indwi amagashirwa igenekerezo rya 6/6. Nayo amatora y’umukuru w’igihugu yashizwe igenekerezo rya  15/7 hamwe n’ay’igenekerezo rya  24/7 ku bakenguzamateka batorwa n’abajenama b’amakomine baba batowe.

Iyo nama abatavuga rumwe n’ubutegetsi ntibayitavye kuko kubwabo CENI itagikwiye kubera ahari abamaze gutanga imihoho nkuko Nditije Charles yabishikirije ikinyamakuru IWacu.