Ikintu kidasanzwe umushingamateka Agathon Rwasa yaramaze iminsi arondera aza yamaze kukironka.

0

Umushingamateka Rwasa Agathon yatowe muntara ya Ngozi ,asanzwe ari n’icegera cambere c’umukuru w’inama nshingamateka y’uBurundi yoba yamaze kuronswa ico yoba yaramaze imisi arondera ,inyuma yaho yemereye kuja munzego za reta irongowe na Petero NKURUNZIZA.

rwasa

Rwasa Agathon yoba yamaze gusubizwa umugambwe wiwe wa FNL

Nkuko inkuru ziva mubegereye uwo mushingamateka yatowe muntara ya Ngozi ariwe Rwasa AGATHON zimenyesha yuko kuruyu w’Imana mugisagara ca Bujumbura umushingamateka RWASA Agathon yahuye nabanamarimwe basanzwe barongoye abandi . Abo bari bitavye ivyo bikorwa vy’umugambwe FNL usanzwe arongowe na AGATHON Rwasa bakaba bari baje bavuye muntara zose z’igihugu.

Iki kikaba ari igikorwa cambere umushingamateka Rwasa Agathon akoze inyuma yo kwemera kuja muri reta irongowe na Petero Nkurunziza

agathon

RWASA Agathon yarasanzwe arongoye umugambwe wavugwa yuko utemewe n’amategeko y’uBurundi ,kubera iyo mvo vyatuma adashobora gutunganya ibikorwa vy’umugambwe kuko atashobora kuronka uruhusha ruvuye mubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu kugira atunganye ibikorwa vy’umugambwe.

Jacques Bigirimana yahora avuga ko arongoye umugambwe wa FNL ashobora kuba yakubiswe umugere bugica

ag

Mu gihe umushingantahe Jacques Bigirimana yahora yemera akanemanga ko ariwe arongoye umugambwe FNL , Jacques Bigirimana ashobora kuba yamaze kuwakwa,nkuko vyibonekeje murico gikorwa cahuje abanamarimwe bayoboka RWASA ,aba banamarimwe bakaba bakoze ico gikorwa bakoresheje ibimenyetso vy’umugambwe wa FNL ,ico akaba ari kimwe mucerekanye ko Umugambwe wa FNL woba wasubiye kwegukira umushingamateka Rwasa Agathon. Tubibutse ko jacques Bigirimana yahora yiyitirira uwo mugambwe ko mumatora aheruka atarose intebe nimwe muri reta ,ariko munyuma bakaza kumuha gutwara ishirahamwe OTB risanzwe rijejwe guhingura icayi mu Burundi.