Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsIkintu kibujije amahoro ndetse gikunze kubabaza cane umuririmvyi Yoya Jamal camenyekanye !

Ikintu kibujije amahoro ndetse gikunze kubabaza cane umuririmvyi Yoya Jamal camenyekanye !

Umuririmvyi mu kunda muri benshi ndetse indirimbo aririmba abenshi bemeza ko zirimwo ubutumwa bwiza ndetse bufise akamaro ” Yoya Jamal ” mu ndirimbo yiwe y’ibigambo, aririmba avuga yuko urukundo rwamajambo ko rutubaka ahubwo ngo rurasambura.

yoya

ibi rero uno muririmvyi akaba yabivuze mu ndirimbo ikunzwe cane murino minsi y’Ibigambo aho biboneka neza ko yayiririmvye yipfuza ko umukunzi wiwe yoreka kugira amakenga ndetse akareka kunviriza ivyo abantu bavuga, ikindi naco nuko biboneka ko harigihe bishika bikanamubuza amahoro ndetse bikanamubabaza cane kubona urukundo rwababiri rushobora kwinjiramwo ibintu vyamajambo aho ndetse kubakundana iyo bunvirije amajambo y’abantu bashobora no gutandukana.

Yoya jamal

Yoya Jamal agira ati : Nshaka umbwire igituma ugira amakenga, urukundo rwamajambo ntirwubaka ahubwo rurasambura, Niwaguma wunva ivyo bakubwira uzoruta rutararama, Nshaka kumenya nimba unyizera canke wizera ivyo baza bakubwira.

Ushobora kunviriza ino ndirimbo hano munsi nimba utarayunva

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments